24/02/2026
Nukuraba mugakoresha umwanya wapambanaji. Aya ni ayandi mahirwe atari ayo gupfusha ubusa. Abahora bibaza ko ari fakenews, nibahumure kuko n’urubuga rw’ubu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu, bwavyemeje. Igitaliano rero bwabundi ntikigoye!! Amasaha 10 ukaba urakimenye ku buryo ukora akazi neza?
Ico biryoheye n’uko bibera en ligne. Ariko n’amashirahamwe hamwe n’aba agents vuba, bazoba ari benshi babibafashamwo.
Ubanza kwuzuza urwo rupapuro mu ntumbero yo kwiyandikisha hama ukiga en ligne ukiri mu gihugu, ukongera ukiga ugezeyo. Ugishikayo ukaronka akazi mu gufasha abageze mu zabukuru, mu mahoteri, mu magarages, mu ndimo, muvyinyubako, mu ma patisseries, gukora isuku n‘ibindi.
Umutarambirwa News tugiye kubandanya tubikurikiranira hagufi. Ni agakuru keza kuri wapambanaji.
NB: kugira umenye urwo rurimi rw’igitaliano, bisaba ube u*i at least igifaransa canke icongereza kugira vyorohe ingene bagusigurira.
Gira follow uzogume uronka bishasha bica ngaha kuri runo rubuga
*ima
🇮🇹 🇧🇮