HELOX MBWIRa

HELOX MBWIRa NO DANGEROUS☠️

03/04/2025



Ivyuma ntibitaduharira turaje mukanya🙌

🚨 Canada 🇨🇦  nayo yafatiye ibihano u Rwanda 🇷🇼  ✍🏿 Kubera ivyo u Rwanda kwagirizwa mu buseruko bwa Republika Iharanira D...
03/04/2025

🚨 Canada 🇨🇦 nayo yafatiye ibihano u Rwanda 🇷🇼

✍🏿 Kubera ivyo u Rwanda kwagirizwa mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Congo 🇨🇩 , Leta ya Canada yafashe ingingo zikurikira:

1. Guhagarika gutanga uruhusha rwo kurungikayo ibicuruzwa hamwe n’ivy'ubuhinga bigenzurwa na Canada mu Rwanda;

2. Guhagarika ibikorwa bishasha vy’ubudandaji hagati ya Leta ya Canada n’u Rwanda, hamwe no guhagarika gushigikira bimwe bikomeye ibikorwa vyo guteza imbere igisata c'ubudandaji bw’abikorera utwabo kandi cane cane abo mubisata vy’ubudandaji;

3. Gusubiramwo uruhara rwa Leta ya Canada Yahora igira mu birori mpuzamakungu bitegurwa mu Rwanda, hamwe n’ibisabo vy’Urwanda rwari rwasavye vyo gutegura ibirori vyo muri kazoza.

Uyu munsi, igisata ca Affaires Mondiales Canada cahamagaye umuserukizi mukuru w’u Rwanda muri Canada kugira ngo amenyeshwe ivyiyumviro vya Canada ku bijanye n’ukuntu u Rwanda rwavogereye mu buryo bugaragara ubutaka bwa Congo 🇨🇩, no kumumenyesha izo ngingo u Rwanda rwafatiwe.

📌 Ivyabaye mu buseruko bwa Congo vyash*tse ku rugero rukomeye kandi Canada yiyemeje gutuma abahuye n'ibibazo vy'intambara cane baronka imfashanyo yo kubabeshaho.

💵 Canada yemeye ko izotanga amadolari angana imiliyoni 15 y’Amerika mu gufasha abantu muri Republika Iharanira Demokarasi ya Congo kugira ngo abashikiwe n’ico kiza bashobore guhabwa ivyo bakeneye.

02/27/2025

Wewe uri mubemeranya nanje ko M24 hamwe yoshika kovyopfuma

🤭

MRS Mubibona gute💯  Natacha Burundi sinarinz kwabegwa bingan uk😍🇧🇮
10/13/2024

MRS Mubibona gute💯
Natacha Burundi sinarinz kwabegwa bingan uk😍🇧🇮

10/12/2024

Kuri mwese mbipfurije weekend nziza 💯

10/11/2024

INKUR NZINZA KUB🇧🇮
📢📢
Ubu tuvugana UBURUNDI ntikiri igihugu canyuma gikenye kwisi ✅

10/02/2024

Wewe nyene💯

IMANA
Iragukunda Kandi cane🙏🙏

🚨🚀   : Netanyahu avuga ko Iran yaraye ikoze ikosa rikomeye kandi ko izokwishura ikiguzi kiremereye c'ivyo yaraye ikoze n...
10/02/2024

🚨🚀 : Netanyahu avuga ko Iran yaraye ikoze ikosa rikomeye kandi ko izokwishura ikiguzi kiremereye c'ivyo yaraye ikoze nyuma y'imvura ya missiles balistiques iki gihugu carungitse muri Israel cane cane I Tel Aviv.

Hagati aho Ingabo za Israel (IDF) zateye gushasha n'ibitero vy'indege ku murwa mukuru wa Lebanon ariwo Beiruth.

✍🏽 Igisirikare ca Israel IDF kivuga ko uburyo bwazo bwo guturitsa ibisasu mu kirere bwaturikije missiles 180 Iran yabateye. Congerako ko nyinshi ari izo yarasiye mu kirere (BBC). Iran yo ivuga ko yabasutsemwo missiles 400 kandi ko hafi ya zose zageze kumugambi. (TehranTimes).

Ingabo za USA zatangaje ko zatangiriye missiles nyinshi mu zo Iran yarashe muri Israel, kandi ko zari urudavagi . (CNN).

🧑‍✈️Ingabo za Iran ari zo Iran Islamic Revolution Guard Corps (IRGC) zatangaje ko iyi mvura ya missiles zayirungitse kuri Israel muntumbero yo guhorera umurongozi wa Hamas ari we Ismail Haniyeh, uwa Hezbollah ari we Sayyad Hassan Nasrallah, nicegera c'umuyobozi wa IRGC yari ajejwe ibikorwa vy'intambara ari we Brigadier General Abbas Nilforooshan Mugihe bose bishwe n'ubutegetsi bwa Israel (TehranTimes).

Ahabera ikibazo nuko Iran ipfa kurungika amasasu ariko Israel yo iba Ifise uwo ikeneye.

🤷🏽‍♂️ Iyi ntambara ubona izohagarikwa n'iki ?

Address

Ki
King Of Prussia, PA

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when HELOX MBWIRa posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to HELOX MBWIRa:

Share